Uko wahagera

Ibihugu Bitunze Bitegerezwa Gufasha Kurushiriza Impunzi


Umuyobozi w'ishami rya ONU ryita ku mpunzi, HCR, Filippo Grandi, yasavye ibihugu bitunze kurusha ibindi gufasha kurushiriza imiliyoni n’imiliyoni y’impunzi zirondera ubuhungiro, mu bihugu bikeneye. Filippe Grandi, avuga ko afise umwizero kw’ukwiyemeza gushasha kw’ama Reta ari mw’ikoraniro ryama riba uko umwaka utashe i Geneve, mu Busuwisi, kuzovamwo ingingo ziboneka zijejwe gutorera sinyishu ikibazo c’impunzi kw’isi n’abava mu zabo.

Amenyesha kw’igitigiri kinini c’impunzi imiliyoni 65 kw’isi zitari mu bihugu bitunze. Avuga ko ziri mu bihugu bikenye, kandi kw’ibihugu bikenye bikeneye kw’ibihugu bitunze vvyo kw’isi bibifasha kwitaho impunzi.

Umutegetsi mukuru w’ibiro vy’ishirahamwe ONU, vyitaho impunzi, HCR, Filippo Grandi, avuga kw’ibihugu bitunze kurusha ibindi bishobora gufasha mu buryo butandukanye. Atanga akarorero kw’ivyo bihugu bisohora guha amafranga kurushiriza ibihugu bikenye vyakira impunzi, canke bikakira igitigiri kinini kurushiriza c’impunzi.

XS
SM
MD
LG