Uko wahagera

USA: Gutohozwa Ivyaha vyo mu Ngwano ku Burusiya na Siriya


Abanyagihugu bahunga muri Siriya
Abanyagihugu bahunga muri Siriya

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwer za Amerika, John Kerry, yasavye ko haba itohoza ry’ivyaha vyo mu ngwano, ku bihugu vy’Uburusiya na Siriya.

Ivyo yabitangaje, kur'uyu wa gatanu, mu nama i Washington, ari kumwe n’imushikiranganji ajejwe imigenderanre w’Ubufransa, Jean-Marc Ayrault, ari mu rugendo i Washington DC.

Inyuma y’igitero ku bitaro vyo mu gihugu ca Siriya, ku musi wa kane mw’ijoro, cahitanye abantu mirongo biri, abandi ijana barakomereka, John Kerry, yatangaje abariko bakora ubwicanyi muri Siriya bategerezwa kubibazwa.

Avuga kw’Uburusiya na Reta ya Siriya bategerezwa kwishura ku mpamvu babandanya kugira ibitero ku bitaro, ibibanza vy’ubuvuzi, ku bapfasoni n’abana. Amenyesha kw’ivyo bitegerezwa gutohozwa nk’ivyaha vyo mu ngwano.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta ZUnze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yahagaritse ibiganiro n’igihugu c’Uburusiya, ku gukorana ku bijanye n’igisirikare, mu ntango z’iyi ndwi.

XS
SM
MD
LG