Uko wahagera

Prezida wa Kolombiya Yatsindiye Agashimwe ka Nobel


 Perezida wa Kolombiya Juan Manuel Santos

Perezida wa Kolombiya Juan Manuel Santos

Prezida w’igihugu ca Colombiya, Juan Manuel Santos, yaratsindiye agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel k’umwaka w’i 2016, ku twigiri twiwe tw’uguhagarika ingwano imaze igihe kirenga imiyaka mirongo itanu.

Prezida Santos, avuga ko ari iteka kuriwe, kandi ari ikiintu gikomeye ku gihugu ciwe. Ameneysha kandi ko ari ikintu gikomeye ku basinzikajwe n’ingwano mu gihugu.

Utwigoro twa prezida Santos. twatumye amasezerano y’amahoro ashikwako muri uyu mwaka hagati ya Reta ya Colombiya, n’abarwanyi bo mu murwi, Revolutionary Armed Forces of Colombia, mu mpfunyapfunyo, FARC.

Yamara abanya Colombiya bariyamirije ayo masezerano, mu matora aherutse kuba. Ivyo vbyerekana ishavu nkuri benshi muribo ku bijanye n’ukugirira ikigongwe abarwanya ubutegetsi, n’ukubaha inguvu za politike.

Bagiriza abarwanya ubutegetsi ko bamaze imyaka n’imyaka barya umutima abanyagihugu.

Abarwanya ubutegetsi bemeye gushira hasi ibirwanisho, kugira babandanye umugambi w’amahoro. Ivyo vyatumye umurwi ujejwe gutanga agashimwe kitiriwe Nobel wo mu gihugu ca Norvege, ushima uruhara prezida Santos yagize mu mugambi w’amahoro.

Ingwano muri Colombiya yahitanye abantu barenga ibihumbi amajana abiri na mirongo ibiri, abandi bagera ku miliyoni zitandatu barava mu zabo.

Ingwano yatanguye mu myaka yo mu za mirongo itandatu, igihe abarwanyi bashiraho umurwi FARC. Batangaje imigambi yabo y’ugutembagaza Reta ya Colomiya, bagashiraho intwaro ya ki Marxiste.

XS
SM
MD
LG