Uko wahagera

Igihuhusi Matthew Kiriko Gitera Kija mu Mazinga ya Bahamas


Abanyagihugu mu mabarabara y’ I Les Cayes muri Haiti inyuma y’aho iguhuhusi Matthew Kihaciriye.
Abanyagihugu mu mabarabara y’ I Les Cayes muri Haiti inyuma y’aho iguhuhusi Matthew Kihaciriye.
Hurricane Matthew
please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:01:29 0:00

Igihuhusi, Matthiew, gikomeye cane kitari bwabe mu kiringo c’imyaka itari mike mu karere ka Karayibe, kiriko gitera kija mu mazinga ya Bahamas, uno musi ku wa gatatu. Ivyo n'inyuma yuko cihaye inkumbi muri Haiti na Cuba.

Abantu icenda bapfuye muri Haiti, no muri Republika Dominicaine bihana urubibe.

Igihuhusi Matthiew gikomeye cane, cari ku rugero rwa kane, igihe cashika muri Haiti, ku musi wa kabiri, carimwo imiyaga y’inguvu z’ibilomnetero 230 kw’isaha, n’imvura nyinshi cane.

Ryabaye irya mbere mu kiringo c’imyaka mirongo itanu n’ibiri igihuhusi co ku rugero rwa kane gishika muri Haiti.

Prezida wa Haiti, Jocelerme Provert, avuga kw’abantu batanu bapfuye, umuntu umwe irengero ryiwe ntirizwi, mu gihe abandi cumi bakomeretse.

Privert, avuga kw’ibifungurwa, uburaro n’imiti vyahawe abasinzikajwe n’igihuhusi, Matthiew.

Prezida Privert, avuga ko niyo igihe cabirekurira, we n’abandi bategetsi bakomeye bagize Reta yiwe bazosuzuma ivyononekaye, igihe bazogendera ibice vyageramiwe n’igihuhusi, Matthiew.

Dave Herman, wo mu biro vy'Amerika bijejwe iterambere mu makungu, USAID, yatangaje ko Amerika iriko ikorana n’amashirahamwe ajejwe gutabara, Catholic Relief Services, na, Croix Rouge, kugira bibone kw’imfashanyo ihawe abasinzikaye kurusha abandi muri Haiti.

Herman, avuga kw'utwigoro tw’ugutabara dushimikiye ku mazi, n’ivyerekeye isuku, kugira bifashe gutuma indwara ya kolera idakwiragira.

XS
SM
MD
LG