Uko wahagera

Abapolisi Babiri Basogoswe Imbugita mu Gitero i Buruseli


Abashikirizamanza mu gihugu c’Ububiligi batangaza kw’abapolisi babiri basogoswe n’umuntu yitwaje imbugita, ku murwa mukuru, Buruseli, kur'uyu wa gatatu. Ivyo bibonwa ko gishobora kuba ari igitero c’iterabwoba.

Igipolisi catangaje kw’abo bapolisi bari bambaye impunzu zibaranga, batakomeretse bikomeye cane.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ku murwa mukuru, Buruseli, umuvugizi w’umushikirizamanza w’igihugu, Eric Van Der Sypt, atangaza ko bibaza kw’ico gitero gifitaniye isano n’iterabwoba. Nta bindi birenga aho yamenyesheje.

Uwagize ico gitero yarahagaritswe n’abandi bapolisi bamurashe mu kuguru.

Igihugu c’Ububiligi kiri magabo, kuva abantu 32 bishwe mu bitero vy’amabombe vy’abiyahuzi, vyabaye ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru, Buruseli, no mu kibanza c’amatereni agira mu kuzimu, kw’italiki 22 z’ukwezi kwa gatatu.

XS
SM
MD
LG