Uko wahagera

Raporo K'Umutekano no Gutwara Neza Muri Afrika


Mo Ibrahim ibubamfu ari nawe yitirirwa Ibrahim Foundation.
Mo Ibrahim ibubamfu ari nawe yitirirwa Ibrahim Foundation.

Raporo nshasha yasohotse kur’uyu wa mbere kuri Afrika imenyesha ko ibijanye n’ugutwara neza muri Afrika vyateye imbere gato mu myaka iheze naho umutekano muke, wasubije inyuma ivy’agateka kazina muntu, n’ubutunzi.

Iyi raporo isohoka buri mwaka kubijanye n’intwaro muri Afrika yitiriwe umugwizatunga w’umunyesudani Mo Ibrahim, ishira ku rutonde ibihugu 54 vy’afrika harabwe inyigisho, kurya ibiturire hamwe na demokarasi.

Igihugu ca Libiya kiza mu bihugu vyasubiye inyuma cane mur’ivyo bisata.

Uwahoze ar’icegera ca sekreteri wa reta y’Amerika ajejwe imigenderanire n’Afrika, Jendayi E. Frazer, akaba ari no mu bakoze iyo raporo yavuze ko kwica Kadhafi muri 2011 arivyo vyatumye igihugu gisubira inyuma mubijanye n’ubutekano..

Igihugu ca Mauritaniya kiza imbere y’ibindi bihugu vya Afrika mugihe Somaliya kikiri icanyuma mubijanye n’umutekano.

Urwanda rwashizwe mu bihugu vyabayemwo umuvuduko munini mw’iterambere rijanye n’umutekano, mugihe rwinjiye mu bihugu cumi vya mbere.

XS
SM
MD
LG