Uko wahagera

Turukiya: Abapolisi Barenga Ibihumbi 12 Bakuwe mu Buzi


Abapolisi bo muri Turukiya barenga ibihumbi cumi na bibiri bahagaritswe mu buzi kur’uyu wa kabiri bagirizwa kugiranira imigenderanire n’umunyedini Fethullah Gulen, akibandanya kwagirizwa na reta ko ariwe yateguye umugambi wo gutembagaza ubutegetsi m’ukwezi kw’indwi guheze.

Abategetsi ba Turukiya batangaje ko abapolisi barenga ibihumbi 2,500 mur’abo bari abakuru barongoye abandi.

Iryo hagarikwa mu mabanga ry’abo bapolisi rije rikurikira ingingo yafashwe na reta ya Turukiya ejo kuwa mbere yo kwongereza ibihe bidasanzwe ku yandi mezi atatu igihugu cari cashizwemwo.

Kuv’aho haburijwemwo iyo coup d’etat, abasirikare bashika ibihumbi ijana, abapolisi, abacamanza hamwe n’abakora mu gisata c’indero baramaze kwirukanwa mu buzi. Abashika ibihumbi mirongo itatu baramaze gutabwa mu mabohero.

Abahinga bavuga ko Fattulah Gulen, afise abanywanyi baharurwa mu bihumbi amajana muri Turukiya, benshi akaba ar’abagwizatunga, abandi bakora mu bisata vy’abikorera utwabo.

XS
SM
MD
LG