Uko wahagera

Umusirikare wa ONU Yishwe muri Mali


Umusirikare w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bagiye kubungabunga amahoro muri Mali yarishwe abandi batari bake barakomereka mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu mu bitero vyagabwe ku kambi yabo iri hafi y’urubibe n’igihugu ca Aljeriya.

Mw’itangazo ryashikirijwe na ONU, rimenyesha ko hagabwe ibitero bine ku nkambi y’i Aguelhok, bihitana umusirikare umwe wa ONU yamuka muri Chad bikomeretsa abandi umunani.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon asaba ko hakwiye gufatwa ingingo kubagavye ivyo bitero, ibitero yise ivyaha vyo mu ntambara hisunzwe amategeko mpuzamakungu.

Gushik’ubu nta muhari n’umwe uravyiyitirira.

Ico gice co mu buraruko bwa Mali cabereyemwo ivyo bitero cari carigeze gufatwa n’abarwanyi b’aba Islamiste mu mwaka w’2012, bahakurwa n’abasirikare b’Ubufaransa muri 2013, ariko baracagenzura uduce tumwe tumwe.

Ibitero vy’umuhari w’iterabwoba al-Qaida biracabandanya muri Mali, gushik’ubu abasirikare 32 ba ONU nibo bamaze kuhasiga ubuzima.

XS
SM
MD
LG