Uko wahagera

Inama Nshingamateka y'Uburundi Yatanguje Ibikorwa Vyo m'Ukwezi Kwa Cumi


Inama nshingamateka y'Uburundi

Inama nshingamateka y'Uburundi

Umukuru w'inama nshingamateka Pascal Nyabenda yashikirije ko abashingamateka bagendeye ababatoye mu ntumbero yo kwitabira ibikorwa vy’iterambere. Avuga ko mu vyaranguwe harimwo ukubaka inyubakwa rusangi nk’amashure amavuriro n’ibindi.

Umukuru w’inamanshingamateka y’Uburundi yashikirije abashingamateka integuro z’amategeko zigera kuri 13 zarungitswe n’ubushikiranganji butandukanye kugira zizigwe zongere zizohinyanyurwe bibaye ngombwa.

Uwo mutegetsi yaboneyeho n’akaryo ko kumenyesha abo arongoye ko mur’izo nteguro z’amategeko, iy’integuro isubiramwo amafaranga Leta izokoresha itarimwo.

Ibindi twumvirize Evariste Nzikobanyanka yari yishikiye mu nama nshingamateka.

XS
SM
MD
LG