Uko wahagera

Filipine: Ivyatangajwe na Prezida Duterte Biteye Agahinda


Prezida wa Filipine, Rodrigo Duterte

Prezida wa Filipine, Rodrigo Duterte

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zatangaje kw’ivyavuzwe na prezida wa Filipine, Rodrigo Duterte, aho yigereranye n’umutegtsi w’umu Nazi, Adolf Hitler, biteye agahinda, kandi ko bitandukanye n’imico irangwa n’iteka, Amerika isangiye na Filipine.

Duterte, yatangaje yoryoherwa n’ukwica imiliyoni zitatu z’abantu bakoresha ibiyayura umutwe, n’inkozi z’ikibi nk’uburyo bw’ukurangiza ico kibazo ningoga. Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mark Toner, avuga ko amajambo atari ay’ugufata minenegwe, cane cane mu gihe ashikirijwe n’abategetsi b’ibihugu vyigenga. Amenyesha ko Amerika itewe impungenge bikomeye n’amakuru yerekeye ubwicanyi ndengerabutungane bugirwa muri Filipine.

Toner, avuga kw’ugukorana hagati ya Amerika na Filipine kumaze igihe kirekire, kandi ko gufatiye ku mico ivyo bihugu bisangiye, irimwo gusonera agateka n’iteka cryikiremwa muntu.

Prezida wa Filipine, Rodrigo Duterte, yatangaje ko Hitler, yishe imiliyoni zitatu z’Abayahudi. Ngo muri iki gihe hari abantu imiliyoni zitatu basinzikajwe n’ibiyayura umutwe mu gihugu ciwe. Avugako kubica bose vyomushimisha.

Yatangaje kw’Ubudagi bwari bufise Hitler, ngo Filipine nayo ifise Duterte.

XS
SM
MD
LG