Uko wahagera

Perezida Obama Yahayagije Shimon Peres


Perezida Barack Obama wa Leta zunze ubumwe z'Amerika mu gushingura Shimon Peres
Perezida Barack Obama wa Leta zunze ubumwe z'Amerika mu gushingura Shimon Peres

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yatangaje ko ukwiyemeza kwa, Shimon Peres ku vyerekeye kubana n’Abanyapalestina muri iki gihe bizoja mu minwe y’abazokwaruka muri kazoza muri Israeli n’ibihugu bicuditse.

Ivyo perezida Obama yabitangaje mw’ijambo yashikirije ry’uguhayagiza Shimon Peres, ku maziko yiwe.

Perezida Obama yavuze ko Peres ari umwe mu bategetsi bakomeye cane bo mu kinjana ca mirongo ibiri. Yamugereranije n’abandi bategetsi bo kw’isi bakomeye cane, nka Neslon Mandela n’umwamikazi w’Ubwongereza Elizabeth.

Obama, yahayagije Peres, ku kwitanga kwiwe, ku vyerekeye kugerageza gutorera inyinshu amatati ari hagati y’abanya Israeli n’Abanyapalestina. Yasavye ugusubira kwiyemeza ku mugambi w’amahoro muri iki gihe umwe mu bakurambere bashizeho igihugu ca Israeli asezeye.

Perezida Obama, avuga ko no mu gihe hari ibitero vy’iterabwoba, n’ugucika intege mu biganiro, Shimon Peres, yagumye avuga ko nk’ibiremwamuntu, Abanyapalestina bategerezwa kubonwako bangana n’Abayahudi, mu bijanye n’iteka. Yatangaje ko kubera izo mvo bategerezwa kwishira bakizana.

Igihe prezida Obama, yatangura guhayagiza Shimon Peres, yerekanye umutegetsi w’Abanyapalestina, Mahmoud Abbas, yari yicaye ku murongo w’imbere y’abandi bategetsi. Yaramushimagije kubona yitavye ku maziko ya Shimon Peres, mu kuvuga ko ari ikimenyetso ciza, kandi ko vyibutsa umugambi w’amahoro utaraherehezwa.

Perezida Mahmoud Abbas wa Palestina mu bategetsi baherekeje Shimon Peres
Perezida Mahmoud Abbas wa Palestina mu bategetsi baherekeje Shimon Peres

Mahmoud Abbas, yararamukanije yongera aravugana gatoyi n’umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, imbere yuko ibirori vy’ugushingura Peres bitangura.

Shimon Peres, yaviriranye mu bwonko haheze indwi zibiri. Yadyamiye ukuboko kw’abagabo, ku musi wa gatatu afise ,imyaka 93, mu bitaro ahitwa, Tel HaShomer.

XS
SM
MD
LG