Uko wahagera

Uburundi Bwamaganye Icegeranyo Ca ONU


Bamwe mu bavugizi b’inzego za Leta y'Uburundi

Bamwe mu bavugizi b’inzego za Leta y'Uburundi

Leta y’Uburundi igiye kwitura umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko ku bijanye n’umubano mubi uri hagati y’Uburundi n’igihugu c’Urwanda.

Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi wa Leta y’Uburundi hari mu kiganiro ku bamenyeshamakuru no ku banyagihugu cabereye kur’uno wa gatanu ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke.

Mur’ico kiganiro kiba buri mezi atatu, abamenyeshamakuru bagarutse kuri ca cegeranyo c’abahinga ba ONU mu kigabane caco kivuga ko mu burundi hoba hari guhohotera kiremwa muntu.

Umuvugizi wa Leta yishuye ko ibiri mur’ico cegeranyo ari ikinyoma kandi ko bitatohojwe neza. Philippo Nzobonariba yashikirije ko kirya cegeranyo abagishize ahabona baje mu Burundi bakizanye mu mupfuko.

Uwo avugira Leta y’Uburundi yanavuze kandi ku migenderanire iri hagati y’Uburundi n’u Rwanda. Yemeje ko Uburundi bufise umubanyi mubi, kandi ko Leta y’Uburundi igiye kwitura umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko na cane cane ku bijanye n’igandagurwa ry’abarundi babiri bavuka mu ntara ya Cibitoke baheruka kwicirwa mu karere ka Rusizi mu Rwanda.

Mur’ico kiganiro ku bavugizi b’inzego za Leta cabereye mu ntara iri mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi, hanabajijwe ihagarikwa rigize imisi riba ku bisongerezi wy’intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, nimba ryisunze amategeko mu gihe ridakorwa n’inzego za gisirikare.

Koloneli Gaspard Baratuza avugira urwo rwego yishura ko ata mategeko yarenzwe bafatiye ku vyaha abahagaritswe bagirizwa.

Ibisongerezi vy’intwazangabo birenga 10 mu gisirikare muri kino gihe bipfungiwe mw’ibohero ry’i Ngozi nivyo bimaze guhagarikwa mu kiringo c’indwi zibiri vyagirizwa gushaka guhungabanya inzego w’igihugu.

Hanabajijwe kandi aho amafaranga aronswa amashure yisumbuye afise uburaro ageze, inyuma y’indwi irangiye hatangujwe umwaka w’ishure wa 2016 ushira uwa 2017. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Djuma Edouard yishuye abarongoye ayo mashure gutangura kuja kuraba ku ma konti y’ayo mashure kuko ico kibazo kiza caravuye mu nzira.

XS
SM
MD
LG