Uko wahagera

Umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi wafashe ingingo y’ukubandanya ingingo wafatiye Uburundi, gushika kw’italiki 31 z’ukwezi kw’icumi umwaka w’i 2017.

Iyo ngingo yerekeye kuziririza gutembera n’ukibizira amatungo y’abantu bane ibikorwa vyabo bibonwa ko bigeramiye demokarasi, canke bibera intambamyi igikorwa c’ukurondera gutorera inyishu iciye mu biganiro, ibibazo biri mu Burundi.

Ibikorwa vy’abo bantu birimwo ubwicanyi, gukandamiza abantu canke gukokeza ubwicanyi, ibikorwa bityoza bikomeye cane agateka ka muntu.

Mw’itangazo wasohoye, umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi ubandanya gusaba impande zose kwirinda, n’ukwiyamiriza ibikorwa ivyarivyo vyose vy’ubwicanyi. Uwo muryango umenyesha kw’ivyo ari nkenerwa kugira intambwe ziboneke, mu nzira y’ugutorera inyishu iciye mu biganiro, ibibazo biri mu Burundi.

Abo bategetsi babiri ba Reta y’Uburundi berwa n’ibihano vy’umuryango w’Ubumwe bw’Ubulayi ni Godefroid Bizimana, icegera c’umuyobozi mukuru w’igipolisi c’igihugu, Jenerali Gervais Ndirakobuca, azwi kandi nka Ndakugarika, Mathias Joseph Niyonzima, azwi kandi nka Kazungu na Jenerali Leonard Ngendakumana, yikekwa muri coup d’etat yageregejwe, akongera akaba yigeze kuba aru umuntu acuditse cane na prezida Peierre Nkurunziza.

XS
SM
MD
LG