Uko wahagera

New Jersey: Itereni Itwara Abantu Yagize Impanuka


AItereni yagize impanuka muri Reta ya New Jersey
AItereni yagize impanuka muri Reta ya New Jersey

Umuntu umwe avurwa ko yapfuye abandi barenga ijana barakomereka, inyuma yuko itererni itwara abantu igize impanuka, mu kibanza amaterezi ahagarariramwo, mu gisagara ca Hoboken, muri Reta ya New Jersey.

Umuvugizi w’igisagara ca Hoboken, Juan Melli, yabwiye Ijwi rya Ameriika kw’iyo tereni yataye inzira yayo, uno musi ku wa kane mu gitondo, mu gihe c’uruja n’uruza rw’abantu rukomeye.

Ivyabona batangaza ko babonye abantu bariko bava amaraso, inyuma yuko iyo tereni itaye inzira yayo.

Amasanamu yerekanywe kuri televiziyo, n’ibibanza ngurukanabumenyi, yerekana ikibanza amatereni ahagarariramwo iyo mpanuka yabereyemwo, cononekaye bikomeye.

Uruja n’uruza rw’amatereni rwahagaritswe, mu gisagara ca Hoboken, kiri ku bilometero cumi na kimwe hanze y’igisagara ca New York.

Abajejwe gutabara bari mu kibanza iyo mpanuka yabereyemwo. Icatumye iyo mpanuka iba ntikiramenyekana.

Abategetsi bajejwe gutwara abantu n’ibintu, ku rwego rw’igihugu, bariko baratohoza impanuka y’iyo tereni.

Ikibanza c’amatereni co mu gisagara ca Hoboken, n’ikibanza gikomeye cane abantu ibihumbi n’ibihumbi bakoresha imisi yose, mu kugira uruja n’uruza hagati ya Reta ya New Jersey, n’igisagara ca New York.

XS
SM
MD
LG