Uko wahagera

Amerika Igiye Kurungika Abandi Basirikare 615 muri Iraki


Leta zunze ubumwe z’Amerika iriko yitegura kurungika abandi basirikare bababa 600 muri Iraki bazoja gufasha kwigarurira igisagara ca Mosul gisanzwe kiri mu minwe y’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Ivyo vyatangajwe n’abategetsi ba gisirikare b’Amerika kur’uyu wa gatatu.
Umwe mu bategetsi bakuru ba gisirikare c’Amerika yatangaje ko ibiganiro bagiranye na reta ya Iraki, bemeranije irungikwa ry'abandi basirikare kumenyereza no gutanga impanuro mugihe imyiteguro yo gusubira kwigarurira Mosul igeze kure.

Amerika gushik’ubu ifise abasirikare bashika 4000 muri Iraki, udashizemwo abajayo mugihe mugihe gito gito.

Ariko ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragabisha ko kwongereza ibikorwa vya gisirikare bishobora gutuma ibitigiri vy’impunzi vyiyongera gushika ku muliyoni.

Ni mugihe HCR itangaza ko gushika mu mpera z’ukwezi kw’umunani guheze, abantu bashika ku bihumbi 213,000 aribo bamaze guhunga ico gisagara ca Mosul baja mu bindi bisagara vya Iraki.

Mosul, kizwi nk’igisagara kigira kabiri muri Iraki, cafashwe n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu m’umwaka w’2014.

XS
SM
MD
LG