Uko wahagera

Isirayeli: Shimon Peres Yitavye Imana


Shimon Peres Israel

Shimon Peres Israel

Shimon Peres yahoze ar’umukuru w’igihugu akaba n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli yaritavye Imana inyuma y’aho yar’amaze indwi zibiri asinzikajwe ingwara yo mu bwonko. Apfuye afise imyaka 93 y’amavuko.

Perezida Barack Obama hamwe n’abandi bakuru b’ibihugu batari bake bo kw’isi barashikirije umubabaro wabo kubw’urwo rupfu.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yashimye ivyo Peres yakoreye igihugu n’amakungu aho amenyeye urupfu rwiwe.

Peres yavukiye muco bita Belarus m’umwaka w’1923. Niwe yabaye umushikiranganji wo kwivuna abansi akiri muto mumwaka w’1952 agifise imyaka 29 y’amavuko. Avugwa ko ariwe yateje imbere igisirikare ca Isirayeli hamwe na porogaramu y’ibirwnisho vya nikleyeri

XS
SM
MD
LG