Uko wahagera

Afganistani: Abatalibani Bishe Abasirikare ba Reta Bashika 13


Abarwanyi bakekwa kuba aba Talibani barishe abasirikare 13 ba Afganistani m’uburaruko bw’igihugu.

Ico gitero cagabwe mw’ijoro ryo kuwa mbere cabereye ku kigo c’abajejwe gucungera umutekano mu ntara ya Kunduz.

Abo basirikare bishwe bari baryamye igihe bagenzi babo bakekwa gukorana n’abarwanyi b’abatalibani babagandagura, nkuko bishikirizwa n’umukomanda w’ako karere, Sher Aziz Kamawal, kur’uyu wa kabiri.

Ariko umuvugizi w’aba Taliban, Zabihullah Mujahid, yashikirije ko abarwanyi babo aribo bateye abo basirikare ndetse baranabomora.

Ico kirindiro catewe cari casizweho n’igisirikare ca Afganistani k’umurwa mukuru w’iyo ntara kugira bahangane n’ibitero vy’abatalibani vy’urutavanako vyari bigamije kwigarurira ico gisagara.

XS
SM
MD
LG