Uko wahagera

Impunzi Zigana Ubulayi Zaragabanutse


Syrian Refugees

Syrian Refugees

Ibitigiri vy’impunzi n’abimukira bagana umugabane wa Bulayi vyaragabanutse uyu mwaka ariko abasiga ubuzima mu nzira bagana uwo mugabane nyene ibitigiri vyabo vyariyongereye.

Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa kabiri n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM mu mpfunyapfunyo y’igifaransa.

Bavuga ko kuva m’ukwezi kwa mbere gushika kur’iyi taliki ya 25 z’uku kwezi kw’icenda uyu mwaka w’2016, impunzi ziharurwa ku bihimbi 302,149 arizo zinjiye k’umugabane wa Bulayi ziciye mu ma mabahari, bikaba vyagabanutse ibice 40 kw’ijana ugereranije no mu mwaka uheze.

Ariko nkuko bishikirizwa n’iryo shirahamwe OIM ibitigiri vy’abapfuye vyariyongereye ku 3,501, n’ukuvuga vyiyongereye ku bice 20 kw’ijana ugereranije n’umwaka uheze.

Impunzi z’abanyesiriya nizo zigize igitigiri kinini c’impunzi zigana umugabane wa Bulayi, bagakurikirwa n’abanyafganistani n’izo muri Iraki.

XS
SM
MD
LG