Uko wahagera

Iraki: Ibitero vy'Abiyahuzi vyishe Abashika 27 i Baghdad


Igipolisi hamwe n’abajejwe amagara y’abantu muri Iraki bamenyesha ko, abantu abashika 17 bahitanwe na bombe zaturikijwe n’umwihevyi abandi barenga 50 barakomereka k’umurwa mukuru Baghgad.

Ivyo vyabaye kur’uyu wa kabiri. Bombe ya mbere yaturikiye mugace gashasha gakorerwamwo ubudandaji kari mu buseruko bwa Baghdad ihitana abantu 8 itako ikomeretsa abashika 29.

Ikindi gitero c’umwihevyi cabereye ahitwa Bayaa mu gice c’uburengerazuba bwa Baghdad nyene gihitana abantu icenda, gikomeretsa 22.

Umuhari wa reta ya Kiyisilamu watangaje k’urubuga rwawo ngurukana bumenyi ko ariwo wagavye ivyo bitero, kandi ko vyari birumbereye abarwanyi b’abayisilamu bo m’ubwoko bw’aba Shiite.



XS
SM
MD
LG