Uko wahagera

Benjamin Netanyahu wa Isirayeli Yabonanye n'Abakandida Mu Matora muri Amerika


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu agiye inyuma yo kubonana na Donald Trump k'umusi w'Imana.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu agiye inyuma yo kubonana na Donald Trump k'umusi w'Imana.

Abakandida bariko biyamamariza umwanya w’umukuru w’igihugu muri Leta zunze ubumwe z’Amerika barabonanye n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu kuwa mungu.

Netanyahu yabanje kubonana mu mwiherero na Donald Trump ahiganwa k’uruhande rw’abo mu mugambwe w’aba republika mugatondo ko kuwa mungu mu gisagara ca New York.

Yategekanya no kubonama na Hillary Clinton ahiganwa k’uruhande rw’umugambwe w’abademokrate.

Donald Trump na Netanyahu baganiriye umwanya utari muto ku cipfuzo ca isirayeli co kwubaka uruhome ruzofasha gukingira imbibe zaco, umugambi usa n’uwa Donald Trump wo kwubaka uruhome rutandukanya Amerika n’igihugu ca Mexike.

Ico cipfuzo ca Isirayeli mugihe coshirwa mungiro coba kibaye ikintu gikomeye gihinduye politike y’Amerika kuva Igihugu ca Isirayeli kibayeho mu mwaka w’ 1948.

Iyo mibonano iri mubihava bifasha kwerekana politike mpuzamakungu z’abo bakandida aho bahava bishura ibibazo mu biganiro vya mbere vy’amaso muyandi bihava bibahuza kur’uyu wa mbere I New York, mugihe kandi hasigaye indwi zitandatu gusa ngo habe amatora bwite.

XS
SM
MD
LG