Uko wahagera

Inama ya ONU Ijejwe Umutekano Yakoranye Ku Bitero Muri Aleppo


Abaharanira agateka ka muntu muri Siriya batohoza ivyasenyuwe n'ibitero vy'indege i al-Qasr mu micungararo ya Aleppo.

Abaharanira agateka ka muntu muri Siriya batohoza ivyasenyuwe n'ibitero vy'indege i al-Qasr mu micungararo ya Aleppo.

Inama ijejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yarakoranye vyihuta kuwa mungu bavugana ku ntambara iriko irabica bigacika mu gisagara ca Aleppo muri Siriya.

Ni mugihe har’amakuru avuga ko indege za gisirikare za Siriya n’Uburusiya zateye amabombe atari make mu gace kari mu minwe y’abatavuga rumwe na reta mu buseruko bw’ico gisagara.

Leta zunze ubumwe z’Amerika, Ubufaransa n’Ubwongereza vyasavye ko hakwiye gukorana akandi kanama kihuta kazoba kagamije gusaba Uburusiya guhagarika ibitero ku basivile baharurwa mu bihumbi 275 bugarijwe mu gisagara ca Aleppo.

Ivyo bitero vy’ama misile, n’amabombe vyasenyuye inyubakwa zitari nke bisibanganya amabarabara aho asigaye yuzuyemwo ibibomoke.

Samantha Power aserukira Amerika muri ONU yashikirije ko mur’iyo misi itatu Abarusiya na Siriya bagavye ibitero 150 vy’indege.

ONU ishikiriza ko abasivile 213 aribo bahitanwe n’ivyo bitero.

XS
SM
MD
LG