Uko wahagera

EAC: Viza Yorohereza Ingenzi zo mu Muryango.


Abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa Afrika y'Ubuseruko

Abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa Afrika y'Ubuseruko

Viza touristique unique, n’umugambi wemejwe mu mwaka w’2013 wo kwohereza ingenzi canke ba mukerarugendo kugira bahurumbire ivyiza biri mu bihugu bigize Umuryango wa Afurika y’Ubuseruko.

Kuva mu ntango z’umwaka wa 2014 ibihugu vy’ U Rwanda, Uganda na Kenya vyaratanguye gutanga iyo visa.

Inyungu ni nini nk'uko bivugwa n’icegera c’umunyamabanga mukuru w’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko. Honorable Christophe Bazivamo yabwiye Ijwi ry'Amerika kw' uwushaka kuratira ijisho mumaratiro y'ibikoko hamwe n'inzu ndangakaranga aja kuri Ambasade imwegereye yaba iy’Urwanda, Uganda canke Kenya ahari hose kw’isi.

N'inkuru ya mugenzi wacu Claver Niyonkuru

XS
SM
MD
LG