Uko wahagera

USA: Ikigo kiranga Kahise n’Imico y’Abanyamerika b’abirabure Cuguruwe k’Umugaragaro


Muri Leta zunze ubumwe z’Amerika, huguruwe kur’uyu wa gatandatu italiki ya 24 z’ukwezi kwa cenda umwaka w’2016 ikigo ndangakaranga kigaragaza kahise n’imico vy’abanyamerika bafise urukoba rwirabura.

Ivyo birori vyitabwe n’abategetsi batari bake barimwo Perezida barack Obama, icegera ciwe Joe Biden, Georges W. Bush yahoze arongoye Amerika, umukuru w’inama nshingamateka Paul Ryan, abaserukira ibihugu vyabo muri Amerika, n’abandi bategetsi batandukanye.

Perezida barack Obama, Georges W. Bush yahoze arongoye Nabafasha Babo

Perezida barack Obama, Georges W. Bush yahoze arongoye Nabafasha Babo

Iyo nzu yubatse mu gisagara ca Washington DC, hafi y’ibindi vyibutso birimwo “Washington Monument”.

Itegeko ritanga uburenganzira bwo kwubaka iyo nyubakwa ryashizweko umukono na Perezida George W. Bush, akiri k’ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG