Uko wahagera

Inteko Zidasanzwe z'Uburusiya muri Pakistani


Umurwi w’abakomando bagera kw’ijana b’igisirikare c’Uburusiya barashitse, mu gihugu ca Pakistani, kugira uruhara mu myimenyerezo ya mbere ya gisirikare Uburusiya na Pakistani bizoba bigiriye hamwe.

Umuvugizi w’igisirikare ca Pakistani, yatangaje kw’iyo myimenyerezo, izomara indwi zibiri, itegekanijwe gutangura, ku musi wa gatandatu, ikazorangira kw’italiki 10 z’ukwezi kw’icumi.

Iyo myimenyerezo yiswe, “Friendship 2016”, izoba irimwo abasirikare amajana abiri b’ivyo bihugu vyompi. Izobera mu mitumba ya Cherat, mu buraruko bw’igihugu ca Pakistani, ikibanza kirimwo icicaro c’inteko zidasaznwe z’ico gihugu.

Vyitezwe ko iyo myimenyerezo ya gisirikare ishimikira ku buhinga bw’ukurwanira mu bice bihanamye.

Igihugu c’Ubuhindi gifitaniye imigenderanire myiza n’Uburusiya, carashikirije Uburusiya impungenge zaco, kw’igice c’iyo myiyerekano kizobera, mu ntara ya Gilgit-Baltistan, iri mu buraruko, iri mu karere ka Kashmi, karimwo amatati.

Inteko z’Ubuhindi n’Uburusiya zirahanganye mur'ako karere. Abategetsi b’Uburusiya yamara bavuga ko babwiye abategetsi b’Ubuhindi kw’iyo myimenyerezo ya gisirikare izobera kure y’ibice birimwo amatati, hagati y’Ubuhindi na Pakistani.

Imyimenyerezo ya gisirikare, hagati y’Uburusiya na Pakistani, n’ikindi kimenyetso c’imigenderanire itera imera neza kurushiriza hagati y’ivyo bihugu bibiri.

XS
SM
MD
LG