Uko wahagera

Carolina yo mu Buraruko: Amasanamu ya Video Azoruhira Gushirwa Ahabona


Jennifer Roberts umukuru w'igisagara ca Charlotte muri Carolina ya Ruguru, atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru
Jennifer Roberts umukuru w'igisagara ca Charlotte muri Carolina ya Ruguru, atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Charlotte, muri Reta ya, muri Reta ya Carolina yo mu mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Kerr Putney, yatangaje, ku musi wa gatanu, kw’amasanamu yafashwe kuri video yerekana umupolisi ariko arasa, ku musi wa kabiri, Keith Lamont Scott, umunyamerika w’umwirabure, azoruhira gushirwa ahabona.

Yatangaje kw’azobanza gufata umwanya w’ukwiyumvira n’ukwihweza neza ivyerekeye ayao masanamu imbere y’ugushirizira uko ibintu vyose vyagenze.

Mu buryo butandukanye, umuryango w’uwo mwirabure yishwe, Keith Lamont Scott, warasohoye ku mugaragaro amasanamu ya video, yafashwe kuri telephone igendanwa, umupfasoni wiwe yafashe, imbere yuko yicwa arashwe n’igipolisi ku musi wa kabiri.

Ayo masanamu ya video ntiyerekana nimba Scott yari afise inkoho igihe abapolisi bahangana nawe. Yamara umupfasoni wiwe yumvikana asaba abapolisi kutamurasa, kandi asaba umugabo wiwe kuva mu modoka yiwe.

Igihe uguhagana kwabandanya, umugore wiwe yumvikana ariko avuga ko ata nkoho afise, igihe abapolisi bamusaba kurekura inkoho bavuga ko afise. Mu nyuma yaho humvikanye amasasi, mu gihe Scott yaboneka aryamye mw’ibarabara.

Umukuru w’igipolisi co mu gisagara ca Charlotte, Kerr Putney, avuga ko dosiye ya Keith Lamont Scott, yashikirijwe ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi, FBI, kugira habe itohozwa ryigenga.

Ivyatangajwe na, Kerr Putney, bisa n’ivyavuzwe n’umuyobozi w’igisagara ca Charlotte, Jennifer Roberts, ko bifuza gushira ahabona amasanamu ya video yerekeye urupfu rwa, Keith Lamont Scott.

Yabitangarije televiziyo, CNN, ku musi wa gatanu. Jennifer Roberts, avuga ko we n’abandi bategetsi b’igisagara ca Charlotte, bariko baganira n’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi FBI, n’abajejwe itohoza bo muri Reta ya Caroline yo mu buraruko, ku vyerekeye igihe boshira ahabona amasanamu ya video, y’iraswa ry’umwirabure, Kieth Lamont Scott, ku musi wa kabiri.

I Washington, umukuru w’urwego rw’abashingamateka b’abirabure, G.K. Butterfield, abandanya gusaba kw’ayo masanamu ashirwa ahabona. Yabwiye televiziyo CNN, kw’abanyagihugu bafise uburengenzira bw’ukumenya ivyabaye, igihe uwo mwirabure yaraswa n’umupolisi.

Imyiyerekano y’ukwiyamiriza iraswa ryiwe yabaye mw’ijoro rigira gatatu, mu gisagara ca Charlotte, yabaye mu mahoro muri rusangi.

Abantu amajana n’amajana, bari mu myiyerekanko, barihojeje couvre-feu y’igihe c’isaha zitandatu zo mw’ijoro. Babandanije imyiyerekano yabo ata kibazo mu masaha ya kare yo mu gitondo co ku musi ku wa gatanu.

Abategetsi batangaza kw’ata migambi bafise y’ukwubahiriza couvre-feu, igihe cose abari mu myiyerekano bazoguma batekanye.

Mw’ijiro ryo ku musi wa kane, abantu batari bake bari mu myiyerekano baciye hagati mu gisagara ca Charlotte, igisagara kinini cane kurusha ibindi, muri Reta ya Caroline yo mu buraruko. Imyuka ibabaza mu maso yarakoreshejwe ku bari mu myiyerekano, mu kibanza kimwe, yamara ivyo vyabaye gake.

Abapolisi bajejwe kurwanya imigumuko bararungitswe mu bice vyose vy’igisagara ca Charlotte.

XS
SM
MD
LG