Uko wahagera

USA: Imyiyamamazo Mu gisagara ca Charlotte Kw'iyicwa Ry'Umwirabure


Abigaragamvya batanye mu mitwe n’abapolisi barabuza n’uruja n’uruza mu mabarabara mugisagara ca Charlotte, muri reta ya Carolina yo mu buraruko muri Leta zunze ubumwe z’Amerika inyuma y’aho umupolisi w’umwirabure yiciye umwirabure nkawe kuwa kabiri.

Abantu bashika 20 barimwo n’abapolisi 12 nibo bamaze gukomereka mur’iyo myigaragamvyo. Uwo mwirabure yishwe yar'azwi kw’izina rya Keith Lamont Scott.



Igipolisi gitangaza ko yarashwe ejo kuwa kabiri igihe abapolisi bariko barondera uwundi muntu baca babona uwo mugabo w’imyaka 43 avuye mu modoka afise inkoho, babona guhita bamurasa.

Scott abaye umunyamerika agira 702 mu bamaze kwicwa n’abapolisi gushika aha uyu mwaka w’2016 ugeze muri Amerika mugihe 163 muri bo ar’abirabure.

Umukuru w’igisagara ca Charlotte, Jennifer Roberts yavuze ko abanyagihugu bakwiye kumenya ukuri ku vyabaye kandi ko amatohozwa yamaze gutangura.

XS
SM
MD
LG