Uko wahagera

ONU Yahagaritse Gutanga Imfashanyo Ku Banyesiriya


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje kur’uyu wa kabiri ko rihagaritse imfashanyo zose ku banyagihugu ba Siriya inyuma y’aho amakamyo atwaye imfashanyo agizweko ibitero vy’indege hafi y’igisagara ca Aleppo, Ibitero vyahitanye abakozi ba Croix Rouge hamwe n’abasivile.

Jens Laerke, umuvugizi w’igisata ca ONU cita ku mpunzi, yabwiye abamenyeshamakuru ko hakwiye gufatwa mu maguru masha ingingo zo gucungera umutekano muri Siriya.

Laerke yamenyesheje kandi ko izo kamyo zatewe zari zitwaye imfashanyo zigizwe n’ibifungurwa hamwe n’izindi zitagizwe n’ibifungurwa ku bantu bashika ibihumbi 78.

XS
SM
MD
LG