Uko wahagera

Papa Faransisiko Asaba ko Intambara Zifatiye Kumadini Zihagarara


Umwungere wa Ekleziya Katolika Papa Fransisiko kur’uyu wa kabiri yabonanye n’abarongoye Ekleziya katolika kw’isi aho asanzwe aba mu gisagasa ca Assisi, mu Butaliyano aho yiyamirije ubwicanyi bufatiye ku madini bubandanya bwiyongera.

Papa Fransisiko yabwiye indondozi zaserukiya amadini atandukanye ko ata mana y’intambara ibaho kandi ko bakwiye kubwira abayoboke babo gusengera amahoro.

Mugihe Papa adahakana ko har’ibihugu cane cane ivya Bulayi vyabonetsemwo ibikorwa vy’iterabwoba ati ariko ntaco bisa bisana n’intambara ibica bigacika mu bihugu vy’uburasirazuba bwo hagati.

Papa Fransisiko ategekanya gusengera abahitanwe n’intambara kur’uyu wa kabiri.

XS
SM
MD
LG