Uko wahagera

RDC: Abantu 40 nibo Bamaze Gusiga Ubuzima mu Ntureka


Kugeza ubu umutekano nturagaruka I Kinshasa k’Umurwa mukuru wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, inyuma y’umusi n’ijoro hahitiye ugutana mu mutwe hagati y’abajejwe umutekano n’abiyamiriza ubutegetsi.

Abaharanira agateka ka muntu bamenyesha ko abantu barenga 40 bamaze kuhasiga ubuzima, benshi muri bo bakaba ar’abasivile.

Mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri habaye ugutana mu mitwe hagati y’abapolisi n’imirwi y’urwaruka mu bice bimwe bimwe k’umurwa mukuru Kinshasa.

Ibitari bimenyerewe aho I Kinshasa, nta biduga vya gisirikare vyarangwa mu mabarabara.

Ugutana mu mitwe gukomeye kwabaye mw’ijoro mugihe abantu bitwaje ibirwanisho baturiye ingoro z’imigambwe itavugarumwe n’ubutegetsi ari naho hatunganirijwe imyiyerekano yo k’umusi wa mbere.

Inyubakwa zitari nke z’Imigambwe itari iri mu kwaha kw’ubutegetsi nazo zaraturiwe n’abigaragamvya.

Umushikiranganji w’intwaro yo mugihugu hagati wa Kongo yatangaje ko abantu 17 aribo bapfuye bagizwe n’abapolisi batatu hamwe n’abasivile 14.

Ariko abaharanira agateka ka muntu bo bamenyesha ko abapolisi bamaze kwica abashika 37 kuva iyo migumuko itanguye.

XS
SM
MD
LG