Uko wahagera

Kongo: Abapolisi Babiri Bishwe mu Myiyerekano


Imyiyerekano y’ukwiyamiriza Perezida Joseph Kabila uno musi ku wa mbere muri Republika iharanira demokrasi ya Congo, yabayemwo ubwicanyi. Amatororokanirizo y’amakuru amenyesha kw’abapolisi babiri bishwe, harimwo umwe avurwako yaturiwe.

Abagize imyiyerekano basaba prezida Kabila kuva ku butegetsi igihe ikiringo ciwe kizorangira mu kwezi kw’icumi na kabiri.

Abari mu myiyerekano basamera amajambo avuga ko Perezida Kabila ategerezwa kuhava. Bashizeho amabariyere ku mabarabara, baturira ibigata vy’imodoka bongera baturira imodoka mu gice gishigikiye abatavuga rumwe na Reta ca Limete. Igipolisi cishuye mu kurasa imyuka ibabaza mu maso.

Umwe mu bari mu myiyerekano yabajijwe n’Ijwi rya Amerika avuga ko Abanyekongo bose bariko basaba kw’amategeko yubahirizwa. Avuga ko bahska kw’ibintu bihinduka. Ngo bakeneye amatora mu kiringo categekanijwe n’ibwirizwa shingiro. Amenyesha kw’amategeko atubahirijwe bazokura prezida Kabila ku butegetsi bakoresheje inguvu.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bashigikiye abatavuga rumwe na Reta bakoraniye mu gice ca Limete no mu bindi bice vy’umurwa mukuru, Kinshasa. Umugambi wari kuzunguruka igisagara imbere yuko abantu mirongo itanu baserukira abatavuga rumwe na Reta bashikirije urwandiko urwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora.

Bulamatari w’umurwa amukuru, Kinshasa yari yararekuriye uwo mugambi. Yamara ibintu vyahindutse ningoga akajagari. Abayoboye abatavuga rumwe na Reta batangaza ko igipolisi cateye ubwoba ababashigikiye, kirabashiragiza igihe bariko bakorana, kirababuza kwegera ikibanza gikuru bategerezwa guhuriramwo.

XS
SM
MD
LG