Uko wahagera

Somaliya: Jenerali Mohamed Roble Jimale Yarishwe na Al-Shabab


Abasirikare bari imbere y'ahiciwe umusirikare mukuru mu gisirikare ca Somaliya
Abasirikare bari imbere y'ahiciwe umusirikare mukuru mu gisirikare ca Somaliya

Umusirikare mukuru mu gisirikare ca Somaliya yarishwe k’umusi w’Imana ahitanwe na bombe zari zitezwe mu modoka k’umurwa mukuru Mogadishu wa Somaliya.

Abategetsi ba Somaliya babwiye Ijwi ry’Amerika ko Jenerali Mohamed Roble Jimale yapfanye n’abandi basirikare batandatu bamucungerera ubuzima.

Bishwe igihe imodoka barimwo zagongwa n’iyindi modoka yari itezwemwo amabombe hafi y’urwinjiriro rw’ibiro bikuru vya gisirikare I Mogadishu.

Jenerali Jimale yar’arongoye batayo ya gatatu mu gisirikare ca Somaliya kandi niwe yar’arongoye intambara Somaliya iriko irarwana n’umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab.

Al-Shabab yemanze ko ari yo yakoze ico gitero. Al-Shabab warirukanwe n’abasirikare b’ubumwe bw’Afirika mu mwaka w’2011 ariko uracari intambamyi muri Somaliya, aho wama wagavye ibitero bigamije gukura reta ishigikiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.

XS
SM
MD
LG