Uko wahagera

USA: Abantu 9 baracumiswe n'imbugita muri Reta ya Minnesota


Abantu bahagaze ahacumitiwe abantu mu gisagara ca St. Cloud, muri reta ya Minnesota.
Abantu bahagaze ahacumitiwe abantu mu gisagara ca St. Cloud, muri reta ya Minnesota.

Abantu 9 barakomerekejwe bacumiswe imbugita mu gisagara ca Saint Cloud muri reta ya Minnesota muri Leta zunze ubumwe z’Amerika k’umusi wa gatandatu, nkuko bishikirizwa n’abategetsi baho.

Umugabo yabacumise yitwa Dahir Adan w’imyaka 22 kandi yar’umunyamerika afise amamuko muri Somaliya.

Umukuru w’abanyesomaliya mur’iyo reta, Abdul Kulane yabwiye ijwi ry’Amerika ko Adan yaciye araswa n’umupolisi yari mur’ico kigo gikorerwamwo ubudandaji habereye iryo bara.

Abategetsi ntibaratangaza k’umugaragaro ivy’uyo mugabo kandi nta n’umwe asinzikaye mur’abo bacumiswe.

Ibiro vy’iperereza vya FBI biriko biragira amatohoza ko bifitaniye isano n’iterabwoba.

Nayo umukuru w’igipolisi mur’ico gisagara, William Blair Anderson yavuze ko uwo mugabo yasemereye Allah igihe yariko acumita abo bantu kandi ko yaja arababaza ko har’uwuri mw’idini rya Isilamu.

XS
SM
MD
LG