Uko wahagera

Abarwanya Reta Barishe Abashika 20 Muri Santrafrika


Abanyagihugu bo muri Santrafrika bahunga intambara
Abanyagihugu bo muri Santrafrika bahunga intambara

Abantu bashika 20 nibo bishwe muri Republika ya Santrafrika k’umusi wa mungu, nkuko bitangazwa n’umwe mu bategetsi b’ico gihugu.

Albert Mokpeme avugira Umukuru w’igihugu yatangaje ko abanyagihugu bo mu karere ka Ndomété, ku birometero 350 uvuye mu gisagara ca Kaga-Bandoro, batewe n’abarwanya reta bo mu muhari Seleka.

Mokpeme avuga kandi ko abo barwanya reta bagiye ku nzu ku nzu bica abantu kandi ko n’umukuru w’ako karere yishwe.

Igihugu ca Santrafrika cinjiye mu bwicani mu mwaka w’2013 igihe abarwanyi b’Abayisilamu bo mu muhari Seleka bafata ubutegetsi, baca batangura guterw n’imihari y’abarwanyi b’abakirisitu.

Mwomenya ko kimwe ca gatanu c’abanyagihugu bateshejwe izabo n’ubwicanyi, k’uburyo ighugu cigabuyemwo kubiri bifatiye ku madini.

Inyuma y’aho ubwo bwicanyi bwo kuwa mungu bubereye, ONU yaciye ifata ingingo yo kwohereza abasirikare benshi mu turere twa Kaga Bandoro na Ndomété kugira bakinge ntihagire ubundi bwicanyi bukorwa.

XS
SM
MD
LG