Uko wahagera

Urwaruka rwo muri Makamba Ntiruhurumbira n'Ubutabazi


Ibiro vy'ishirahamwe, Croix Rouge, mu ntara ya Makamba
Ibiro vy'ishirahamwe, Croix Rouge, mu ntara ya Makamba

Urwaruka rwo mu ntara ya Makamba mu bumanuko bw'Uburundi ntiruhurumbira ibikorwa vyo gufasha imbabare. Hisunzwe ibiharuro bitangwa n' umuryango utabara imbabare Croix Rouge muri iyo ntara, abageze mu zabukuru nibo bijukiye gufasha imbabare ugereranije n'urwaruka.

Mu gihugu cose c'Uburundi iyo habonetse n'imiburiburi abantu mirongo itanu biyemeza ibanga ry'ugufasha imbabare mu kwinjira muri Croix Rouge, aho hantu haca hashingwa icitwa ikigo muryago. Nk'akarorero mu ntara ya Makamba ku mitumba 132 iyigize 122 iriko ibigo muryango. Ijwi ry'Amerika ryagendereye ikigo muryango kiri ku mutumba Kibimba muri komine Kayogoro zone Kayogoro.

Mu bantu 70 bahurikiye mu kigo muryango ca Croix Rouge ku mutumba Kibimba abasore n'inkumi ntibashika icumi. Abo banyamuryango baherutse kuronka ikibanza no kubaka icicaro ca croix rouge ku mutumba iwabo. Kuba batari bafise uburagamo nico kubwabo catuma ugwaruka rudahurumbira kwinjira mu kigo muryango.

Ni inkuru y'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Fidelite Ishatse.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:36 0:00

XS
SM
MD
LG