Uko wahagera

SADC Ihagurukiye Kurwanya Ibyaha Ndengamupaka


Umuyobozi mukuru w’igipolisi mu gihugu ca Tanzaniya avuga ko ari ngombwa ko inzego z’umutekano cane cane igipolisi n’urwego rw’iperereza mu bihugu bigize umuryango wa Afurika y’amajepfo SADC zikorera hamwe. Kuriwe ibi bifasha kugira bahanahane amakuru ajanye nubukozi bw’ikibi hamwe n’ivyaha bitandukanye vyambukiranya imipaka kugira ababikora bafatwe bahanwe, bibaye ngombwa ataco baronona.

Inspector General of Police Ernest Mangu yatangaje ko ikintu kiraje ishinga uwu muryango ari ibirwanisho hamwe n’imigwi y’iterabwoba bishobora kwijira muri SADC na cane cane ko haribihugu bibanyi avuga ko ibirwanisho bitazwi ari vyinshi. Atanga akarorero ka Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo, n’Uburundi

Icegera c’umukuru w’igihugu wa Tanzania Madamu Samia Suluhu Hassan yari muri iyi nama idasanzwe yabwiye izi nzego zijejwe umutekano ko zibwirizwa kwirinda kurya ibiturire zigashira imbere ineza y’igihugu.

Ku ncuro igira gatatu, Tanzaniya yahawe kurongora inzego z’igipolisi muri ibi bihugu vya Afurika y’amajepho biri mwishirahamwe SADC. Igihugu ca Mozambique cari kimaze umwaka kirongoye uru rwego, cashimiwe kuko hari mubihe bitoroshe. Muri ico gihe, igice kinini ca Afurika carimwo ingwano n’imvururu bigatuma igipolisi civyo bihugu cagirizwa amabi n’uguhonyanga agateka ka zina muntu, ibitibonekeje kumugabane wa Afrika y’amajepfo.

XS
SM
MD
LG