Uko wahagera

Raporo Inegura Iyicwa Rya Kadafi Muri Libiya


Moammar Kadafi Yahoze arongoye Libiya
Moammar Kadafi Yahoze arongoye Libiya

Umurwi ugizwe n’abashingamateka b’Abongereza hamwe n’Abafaransa baraneguye ukuntu Ubwongereza n’Ubufaransa bigenjeje mu mwaka w'2011 mu gukura k’ubutegetsi Moammar Gadhafi yahoze arongoye Libiya.

Raporo yasohowe n’umurwi w’abashingamateka b’ubwongereza bakurikirana ivy’imigenderanire n’amakungu washikirije ko Kadhafi yishwe hatabanje gutegurwa ingene ivya kazoza ka Libiya Bishobora kugenda.

Bavuga ko Libiya caciye kija mu kajagari, bituma hanavuka imirwi irwana biha kandi n'akaryo umuhari wa reta ya Kiyisilamu ko kwigarurira uduce tumwe tw'igihugu.

Iyo raporo kuri Libiya ivuga ko intumbero ya mbere yari yatanzwe n'abamwishe ko kwari ugukingira abasivile ariko vyahindutsemwo guhirika ubutegetsi.

Igihugu ca Libiya ubu kirangwamwo reta zibiri, imwe iri k’umurwa mukuru Tripoli, ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, iyindi iri mu gisagara ca Tobruk, reta zasinye amasezerano atakintu kiboneka arashikanako igihugu.

Akajagari kari muri Libiya kugururirye umuhora impunzi n’abimukira zo muri afrika zica muri Libiya zija k’umurwa mukuru wa Bulayi, aho mur’uyu mwaka haciye abarenga ibihumbi 125, abashika ibihumbi bitatu bapfiriye mu mazi.

XS
SM
MD
LG