Uko wahagera

Sentare Mpuzamakungu y'i LaHaye Ku Bahungabanya Ibidukikije


Abacamanza ba Sentare mpuzamakungu Mpanavyaha y'i LaHaye muri Holande
Abacamanza ba Sentare mpuzamakungu Mpanavyaha y'i LaHaye muri Holande

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha imenyesha ko igiye gutangura kwiyumvira guca kurengutsa abahungabanya ibidukikije, abacukura ubutare mu buryo budakurikije amategeko hamwe n’abirukana abanyagihugu mu matongo yabo mu buryo budakurikije amategeko.

Iyo sentare yamenyesheje k’umusi wa kane ko guhungabanya ibidukikije, no kunyaga amatongo bishobora gutuma amareta hamwe n’abantu babigiramwo uruhara babihanirwa nk’ivyaha vyo guhohotera agateka kazina muntu.

Ukwigarurira amasi vyarabaye umugenzo mu myaka icumi irangiye, aho amareta yirukana abanyagihugu, agaha amahegitari ashika ku mamiliyoni y’amatongo amakompanyi y’abikorera utwabo.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire, Global Witness rimenyesha ko ibi vyatumye abantu benshi bakurwa mu matongo yabo, kandi ko ar’ubundi buryo bwo gukorera ihonyabwoka abasangwabutaka, kandi vyatumye abantu bicwa no kutaronka ivyo bafungura.

Mwomenya ko kuva iyo sentare yegukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU iri i LaHaye mu Buholande kuva igishingwa mu mwaka w’2002 yamye ica imanza z'ivyaha vy'ihonyabwoko n’ivyaha vyo mu ntambara.


XS
SM
MD
LG