Uko wahagera

Ukugarariza kwa Feyisa Lelisa Ntikwabaye Giturumbuka


Umunonotsi w'Umunyetiyopiya, Feyisa Lelisa
Umunonotsi w'Umunyetiyopiya, Feyisa Lelisa

Feyisa Lelisa, umunonotsi w’Umunyetiyopia, yatsindiye umudali w’umwakaka, mw’ihiganwa rya marathon, ku rwego rw’abagabo, mu nkino mpuzamakungu za Olempike, ziherutse kubera mu gisagara ca, Rio de Janerio, mu gihugu ca Brezil, yatangaje kw’ikimenyetso yerekanye, igihe yarangiza iryo higanwa, atari ikintu caje giturumbuka.

Feyisa, yaramenyekanye mu makungu, igihe yerekana n’amaboko yiwe ikimenyetso c’ukugarariza Reta y’igihugu ca Etiyopiya, mu kwifatanya n’abari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Reta, mu ntara yiwe y’amavuko yiwe ya Oromiya. Abantu bagera kw’ijana baramaze kwicwa, kuva mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze.

Feyisa, yatangaje ko kuva agenywe kuba mu murwi w’abanonotsi baserukiye gihugu, mu nkino mpuzamakungu za Olempike, z’i Rio de Janeiro, yaciye afata ingingo y’ugukoresha ako karyo, kugira aserukira abanyagihugu biwe, mu gutuma amakungu namenya imyiyerekano yabo, n’ugutuma amajwi yabo abantu bayumva.

Ivyo yabitangarije Ijwi rya Amerika ku musi wa kane. Avuga ko ibibazo n’imyiyerekano y’aba Oromo, bitakwirikiranywe cane. Amenyesha ako arico gituma yashatse gukoresha akaryo k’inkino mpuzamakungu za Olempike, kugira atume amakungu abona ibiriko biraba. Amenyesha ako yafashe iyo ngingo amezi atatu imbere yuko inkino mpuzamakungu za Olempike zitangura.

Feyisa Lelisa, akoresheje uwuhindura mu rurimi, yatangaje kandi ko yemerako hamwe yosubira muri Etiyopiya, yahanwa canke akicwa.

Umuvugizi wa Reta ya Etiyopiya, yatangaje inyuma y’inkino mpuzamakungu za Olempike z’I Rio de Janeiro, ko Feyisa yokwakirwa neza hamwe yotahuka.

Yamara Feyisa, yariyamirije ivyatangajwe n’uwo muvugizi wa Reta, mu kuvugako yatutse intara ya Oromiya, n’aba Oromo, imbere yaho kuri televiziyo. Amenyesha kw’ata akintu na kimwe yemera muvyo avuga, kandi ko atizigiye Reta ya Etiyopiya, ko kubera izo mvo adashobora gusubira muri ico gihugu.

Feyisa, yashitse i Washington, mu ntango z’iyi ndwi.

Ku musi wa kabiri yasavye inama nshingamateka ya Amerika gufata ingingo yifatanije n’Abanyetiyopiya bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Reta yaho.

XS
SM
MD
LG