Uko wahagera

USA: Hillary Clinton Abandanya Kwiyamamaza


Umukandida w’Umudemokrate, Hillary Clinton, yasubiye kubandanya igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza. Ivyo bibaye inyuma yuko aruhutse, mu kiringo c’imisi itatu, kubera yari yarwaye indwara y’umusonga. Yamara Uwo bahiganwa w’Umurepublika, Donald Trump, yavuze ko Hillary Clinton, ata nguvu afise.

Hillary Clinton Yagiye uno musi ku wa kane muri Reta ya Carolina yo mu buraruko, aho abo bakandida bageranye cane mw’ihiganwa. Bompi uko ari babiri baragendeye iyo Reta, incuro zitari nke, mu gikorwa cabo c’ukwiyamamaza. Mu nyuma yaho araza gushikiriza ijambo abayobozi b’Abanyamerika bakomoka muri Amerika yo mu bumanuko, i Washington DC, ari kumwe na prezida Barack Obama, umwe mu bantu bamuvugira cane. Donald Trump, yashikirije ijambo mu gisagara ca New York, imbere yuko aja amuri Reta ya New Hampshire, iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Hillary Clinton, asubiye kubandanya gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza, inyuma yuko afashwe n’umusonga mu mpera z’indwi iheze, mu gisagara ca New York. Umuganga wiwe avuga ko ariko atora mitende neza. Amenyesha ko ata kibazo c’amagara afise cotuma ataba prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Hillary Clinton, bashize ahabona ivyavuye mw’isuzumwa ryiwe ryagizwe n’umuganga wiwe mu ndwi iheze.

Batangaza ko ayandi makuru yerekeye amagara yiwe azoshirwa ahabona mu misi ya vuba.

XS
SM
MD
LG