Uko wahagera

Abarwanya Siriya Ntibabona Akamaro k'Agahengwe


Agahengwe, kamaze imisi itatu mu gihugu ca Siriya, kaganiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya kateye gasa n’agahungabana, uno musi ku wa kane. Abategetsi b'Uburusiya bagiriza abanyamerika ko batashoboye gutuma abarwanya ubutegetsi bwa Siriya bifata.

Ivyo mu gihe, abasirikare bakuru b’abarwanya ubutegetsi bavuga ko agahengwe kashitsweko ata kamaro gafise, mu gihe Perezida wa Siriya, Bashar al-Assad, abandanya kubuza imfashanyo y’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, gushikira igisagara gisinzikajwe n’ingwano ca Aleppo.

Mw’itangazo ryasohotse, uno musi ku wa kane, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwatangaje kw’abaserukira Amerika bihisha inyuma y’amajambo, kugira banyegeze ukugonanwa kwabo ku vyerekeye gutuma abarwanya ubutegetsi bubahiriza ibisabwa, hisunzwe ahagengwe kashitsweko.

Ikibazo kihari muri iki gihe, nuko imirwi irwanya ubutegetsi bwa Reta ya Siriya yanse kwigirayo imetero amajana atanu, umuntu avuye mw’ibarabara rikuru riri mu bice biri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi, mu gisagara ca Aleppo.

Yamara abayoboye abrwanya ubutegetsi babwiye, Ijwi rya Amerika, ko batazokwigirayo, kiretse igisirikare ca Reta ya Siriya, n’abarwanyi b’abanyamahanga b’aba Shi’ite, bava mu gihugu ca Irani, no mu bindi bihugu vy’Abarabu, batanguye nabo nyene kwigirayo.

XS
SM
MD
LG