Uko wahagera

USA: Aung San Suu Kyi Yabonanye n'Abayobozi ba Kongere


US Myanmar

US Myanmar

Aung San Suu Kyi, abonwa kzo ariwe mutegetsi w’igihugu ca Myanmar, yabonanye, uno musi ku wa kane, n’abayoboye abandi mu nama nshingamateka ya Amerika. Ivyo bibaye umusi umwe inyuma yuko prezida, Barack Obama, atangaje ko Reta yiteguriye gukuraho ibihano mu vy’ubutunzi Amerika yafatiye Myanmar.

Bitegekanijwe ko agirana ibiganiro na, Nancy Pelosi, ayoboye Abahsingamateka b’Abademokarate mu nama nshingamateka na, Mitch McConnell, ayoboye Abarepublika mu nama nkenguzamateka, yongere yishure ibibazo vy’abanyeshule mw’ishule yisumbuye, mu gisagara ca Washington DC.

Aung San Suu Kyi, ashobora kandi kugerageza kwumvisha abategetsi bakomeye, mu nama nshingamateka, kw’iki arico gihe c’ugukuraho ibihano mu vy’ubutunzi vyafatiwe igihugu ciwe.

Prezida Obama ,yarahayagije intambwe zikomeye igihugu ca Myanmar cafashe mqu bijanye na politike n’imibano.

Akaba arico gituma yatangaje, ejo ku musi wa gatatu, ko yiteguriye gukuraho ibihano mu vy’ubutunzi vyafatiwe igo gihugu. Aung San Suu Kyi, yarashimiye Obama, kuba yabaye umuprezida wa Amerika yagendeye Myanmar. Yarashimiye kandi inama nhsingamateka ya Amerika, kuba yararemeye igihugu ciwe, kugira gisubire kwubahiriza agateka ka muntu.

Yasavye Abanyamerika kugendera n’ukuzana imitahe yabo muri Myanmar.

XS
SM
MD
LG