Uko wahagera

Siriya: Abagira Neza Bariteguriye Gufasha Aleppo


Abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, batangaje uno musi ku wa kane, kw’imodoka zijanye imfashanyo ziteguriye kuja umwanya uwariwo wose, mu gisagara ca Aleppo, kiri mu buraruko bw’igihugu ca Siriya, no mu bindi bice aho abanyagihugu bakeneye imfashanyo vyihutirwa. Yamara ivyo ntibishoboka kiretse babiherewe uburengenzira na Reta y’ico gihugu.

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ONU, Jan Egeland, yabwiye abamenyeshamakuru i Geneve, mu Buswise, ko yizeye ko infashanyo zizoshobora gutangwa muri Aleppo, ejo ku musi wa gatanu.

Yatangaje kw’impari n’inzitizi za politike zotegerezwa gushirwa ku ruhande, kugira birekurire abagira neza gufasha abapfasoni, abana, n’abasivile bakomeretse mu bice bisinzikajwe n’ingwano, muri Aleppo.

Kurekurira imfashanyo mu gisagara ca Aleppo, biri mu masezerano yahagarikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’Uburusiya, yagiye mu bikorwa ku musi wa mbere.

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ONU, Jan Egeland, yatangaje kw’uguhagarika ingwano biriko birubahirizwa muri rusangi.

Amenyesha kw’ubwicanyi bwagabanutse bikomeye, kw’ibitero ku mashsule no ku bitaro vyahagaze.

XS
SM
MD
LG