Uko wahagera

Malawi: Abanyeshure mu Myiyerekano Yo Gushigikira Abigisha


Abana bo mu mashure bari k’urugero rw’imyaka indwi barihereje amabarabara yo k’umurwa mukuru Lilongwe wa Malawi, mu myiyerekano yo gusaga reta kwitaho ikibazo c’abigisha babo bahagaritse imirimo kuva k’umusi wa mbere.

Abo bana b’abanyeshure bava mu mashure atandukanye yo k’umurwa mukuru bagiye mu myiyerekano bonyene ata n’igipolisi kibaherekeza.

Munyuma niho igipolisi cabashwiragiza imbere yuko bashikira ibiro bikuru vy’inyigisho aho bari bagiye gushikiriza urwandiko bari bitwaje.

Umwe mur’abo banyeshure yamenyesheje ko ivyo babikoze kubwabo no kubw’abigisha babo, kandi ko bitumvikana ukuntu umuntu yiga akaronswa urupapuro rw’umutsindo rwo kwigisha mu nyuma ntaronswe umushahara.

Abigisha muri Malawi basaba reta kubishura ibirarane vy’imishahara ibaheraniye kuva mu mwaka w’2013 badugijwe amapeke.

XS
SM
MD
LG