Uko wahagera

Etiyopiya: Imbohe z'Abayisilamu Zarekuwe


Ihimbazwa ry’umwaka mushasha ku kirangamisi ca Etiyopiya hamwe n’ukwibuka umusi mukuru wa Eid al-Adha kubayisilamu vyabaye ibidasanzwe ku banyororo bamwe b'abayisilamu.

Reta ya Etiyopiya yaragiriye ikigongwe abanyororo barenga 700 b'abayisilamu bari bapfungiwe mu mabohero atandukanye mu gihugu.

Bamwe mur’abo barekuwe harimwo abari bafashwe bagirizwa kurenga kw’itegeko ryo kurwanya iterabwoba ryateye impari bakaba bari bamaze imyaka itari mike mu mabohero.

Iryo tegeko ryaraneguwe n’abatari bake bavuga ko reta ya Etiyopiya yarikoresha kugira icinyize abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Umushikirizamanza mukuru wa republika, Getachew Ambaye yatangaje ko umukuru w’igihugu yateye umukono kur’iryo tegeko rirekura uwo murwi w’abayisilamu kuko berekanye akababaro bafise.

Mwomenya ko abayisilamu muri Etiyopiya bagize ibice 33.9 vy’imiriyoni ijana ry’abanyetiyopiya bose, nkuko bitangazwa n’ikigo c’iperereza mur’ico gihugu.

XS
SM
MD
LG