Uko wahagera

Perezida Edgar Lungu wa Zambiya Yarahiriye Kurongora Igihugu


Perezida wa Zambiya Edgar Lungu imbere y'isinzi ry'abantu i Lusaka mu birori vyo kurahira amabanga yo kurongora igihugu
Perezida wa Zambiya Edgar Lungu imbere y'isinzi ry'abantu i Lusaka mu birori vyo kurahira amabanga yo kurongora igihugu

Umukuru w’igihugu ca Zambiya Edgar Lungu kuwa kabiri yararahiriye kurongora igihugu inyuma y’aho sentare nkuru y’igihugu ihakaniye urwandiko rwatanzwe n’abatavugarumwe na reta rwasaba guhagarika ivyo birori.

Perezida Lungu, yari yatsinze amatora mu kwezi guheze kwa munani. Ivyo birori vyari vyitabwe n’abakuru b’ibihugu vyo mur’ako karere barimwo Robert Mugabe wa Zimbabwe na Ian Khama wa Botswana.

Perezida Lungu yatsinze amatora kumajwi arenga 50 kw’ijana, ariko Hakainde Hichilema yahiganwe nawe yariyamirije ivyayavuyemwo avuga ko yabayemwo utunenge aca ahitamwo kwitura sentare.

Zambiya kizwi nk’igihugu c’akarorero muvya demokarasi muri Afirika aho ubutegetsi buhererekanywa mu mahoro n’umutekano, ariko aya matora aherutse yo yabayemwo imigumuko.

Indyane za politike muri Zambiya ziterwa n’uguhurumbira ubutunzi buva mu butare bw’umujumbu, Cuivre ari nabwo Zambiya kironkamwo amafaranga atari make yo guteza imbere igihugu.

Perezida Mugabe, atwaye Zimbabwe kuva aho intwaro y’abazungu isezerewe mu mwaka w’1980 yatangaje ko intsinzi ya Perezida Lungu yavuye mu bugombe bw’abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG