Uko wahagera

Perezida Barack Obama Yafashije Hillary Kwiyamamaza


Perezida Obama ariko aramukanya n'abaje mu myiyamamazo mu gisagara ca Philadelphia.
Perezida Obama ariko aramukanya n'abaje mu myiyamamazo mu gisagara ca Philadelphia.

Perezida Barack Obama wa Leta zunze ubumwe z’Amerika kuwa kabiri yari mu gisagara ca Philadelphiya gufasha kwiyamamaza umukandida Hillary Clinton, asanzwe ari mu karuhuko inyuma y’aho bamusuzumiye ingwara yo mu mahaha.

Mur’urwo rugendo Perezida Obama yavuze ko ashigikiye umukandida Clinton. Yongeye kandi aja mu gikorwa co kwegeranya amafaranga yo gushigikira Hillary Clinton mur'uko kwiyamamaza.

Hillary Clinton yari yatangaje kuwa mbere mu kinyamakuru CNN ko yizeye ko azosubira mu bikorwa vyo kwiyamamaza mu mpera z'iyi ndwi.

Abakandida bompi, Hillary Clinton na Donald Trump batangaje ko bagiye gushira ahabona mu misi ya vuba amakuru ku magara yabo.

XS
SM
MD
LG