Uko wahagera

Ubufaransa: Igitero Caburijwemwo


Igipolisi c’Ubufaransa caburijemwo igitero c’iterabwoba coba cariko kirategurwa mu guhagarika umusore w’umuyabaga w’imyaka 15 mu mpera z’iyi ndwi irangiye akekwa kuba yariko ategura igitero gikomeye.

Uwo muyabaga yahagaritswe k’umusi wa gatandatu mugihe hari haheze imisi ibiri gusa igipolisi gihagaritse uwundi murwi w’abagore boba bariko bategura gutera katedrale Notre dame yo k’umurwa mukuru Paris.

Abajejwe iperereza m’Ubufaransa bakeka ko uwo musore w’umuyabaga yar’afise umugambi wo gukoresha imbugita mur’uyo mugambi wiwe, ariko abategetsi ntibashatse kumenyesha ikibanza yari gukoreramwo ico gitero.

XS
SM
MD
LG