Uko wahagera

Hillary Clinton Yasuzumwe Ingorane mu Mahaha


 Hillary Clinton avuye mu muhango wo kwibuka abahitanwe n'ibitero vy'iterabwoba i New York
Hillary Clinton avuye mu muhango wo kwibuka abahitanwe n'ibitero vy'iterabwoba i New York

Umuganga wa Hillary Clinton yamenyesheje ko yasanze ko Hillary afise ingorana y’amahaha ariko yongerako avuga ko ariko aratora mitende.

Muganga Lisa Bardack yatangaje ivyo kuwa mungu inyuma yaho Hillary Clinton w’imyaka 68 y’amavuko yar’avuye mu muhango wo kwibuka abasize ubuzima mu bitero vy’iterabwoba mu gisagara ca New York.

Inyuma y'aho abafasha biwe baboneye atanguye kujugumira mu maguru baciye bamutwara kuruhukira k’umukobwa wiwe Chelsea asanzwe aba mu gisagara ca New York.

Umuganga wiwe yatangaje ko ivyo yabitewe nuko yakiwe n’izuba ryinshi vyatumye amazi mu mubiri agabanuka.

K’umusi wa gatanu niho uyo muganga yamusuzuma asanga afise infection yo mu mahaha aca amuha imiti atako amutegeka kuruhuka no guhindura ibijanye n’ingendo zo kwiyamamaza.

Ivyo bibaye mugihe umukeba wiwe bahiganirwa umwanya wo kurongora Amerika, Donald Trump yari yaratangaje ko Hillary Clinton ata magara akwiye afise yo kurongora Amerika.

Eka na bamwe mu bashigikiye Trump baragerageje muri kahise kugira ico kibazo c'amagara yiwe igikomeye mur’uko kwiyamamaza.

XS
SM
MD
LG