Uko wahagera

Burundi: Abakinyi b'Urwenya Bariko Bagergeza Kuja Ahabona


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Abakinyi b’urwenya bo mu Burundi, bavuga ko bagiye kuza barakorera mu gihugu hagati cane, kugira kugira ngo bahe akanya abandi bashobora kuba bafise izo ngabirano.

Abo bakinyi bavuga ko kenshi babonwa nk’aberuzi, kuko batinyuka gukina ivyo abandi batinya.

Arthur Banshayeko, azwi cane kw’izina rya Kamoteri, mu gakino ’agisha’, gaca ku maradiyo atandukanye, asamiranira mu Burundi.

Uwo mukinyi mu gakino “agashi”gakundwa n’Abarundi batari bake, yari yaje guteramisha ababa, mu gisagara ca Gitega.

Kamoteri, amenyesha ko urwenya atari gukina gusa, ko baba bafise impanuro baba bashaka gutanga, biciye mu gutwenga.

Tuyisenge Lodrigue, azwi kw’izina rya Gitoro, yandika udukino dutwenza ku buhinga ngurukanabumenyi, aravuga uko abantu bamubona.

Gitoro, akunda gukina yihinduye umukobwa, avuga ko avuga, naho bakunda kumwita umusazi, we azi ico aba ariko arakora, kandi afise indoto zo kubona urwenya rutera imbere mu Burrundi.

Herve Girimana, umusore w’imyaka 20, yari yaje kurorera abo bakinyi, avuga ko icatumye aza muri ico giteramo c’urwenya, ari ukugira atere intege abakinyi b’urwenya b’Abarundi.

Ku bwa Herve, ngo ntivyumvikana ingene boguma baraba abakinyi bo mu bindi bihugu, mu gihe hari n’Abarundi bafise bene izo ngabirano.

Ikindi uwo musore avuga n’uko gutwenga bituma umuntuu agorora imbavu bikamutuma agira amagara meza.

Egide Niyokwizera, batazira” budget”, ari mu batunganije ico giteramo. Avugako Ibiteraamo vyo gutwenza bituma umuntu yibagira ibibazo arimwo akaruhuka mu mutwe.”

Regis Mugisha, umukuru w’ikigo, Estis House, ico giteramo cambereyemwo, amenyesha ko bategura ivyo biteramo, kugira ngo urwaruka n’abakuze bahure biyagure.

Regis Mugisha, amenyesha ko kwinjira muri bene ivyo biteramo, ata faranga na rimwe ryakwa, kugira ngo borohereze n’abatifise kuryoherwa.

Ico giteramo kiba cabaye mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu, mu gihe ku musi wa gatanu w’iyi ndwi turangije, abo bakinyi bari bateramishije abantu, ku kigo ndanga mico c’abanyamerika, ‘American Corner‘, kiri mu gisagara ca Gitega.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Fidele d'Antoine Nsabimana:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:09 0:00

XS
SM
MD
LG