Uko wahagera

Burundi: Umurongo wo Gutabariza Nturamenyekana Hose


Uburundi kw'ikarata

Uburundi kw'ikarata

Mu mwaka w’2015, haribonekeje ibiza n’impanuka vyinshi, mu Burundi. Nivyo vyatumye ishirahamwe ritabara imbabazi, Croix-Rouge, rishiraho umurongo wa terefone w’ugutabariza. Kuberako uwo murongo ugizwe n’ibiharuro vyinshi wariha kandi ukagora abanyagihu kuwukoresha, umuryango utabara imbabare ufatanije n’ayandi mashirahamwe ane, waciye wiyumvira kworohereza abanyagihugu, mu gushinga umurongo mugufi kandi utariha.

Gushika mu mpera z’ino ndwi, kumenyekanisha iyo nomero y’ugutabariza itariha, vyarabandanije no mu zindi ntara z’uburaruko.

Ijwi ry’Amerika ryegereye abantu bakunda gukenera ubutabazi kenshi. Ni abunguruza abantu ku makinga bavugako bakunda kugira amasanganya kenshi bakabura uwubatabariza.Twabasanze mu gisagara ca Ngozi, aho batubwiye ko uwo murongo batawuzi.

Nizigiyimana Salvator, ajejwe kumenyekanisha umurongo w’ubutabazi utariha 109, asaba abaserukira abandi, bamaze gusigurigwa akamaro k’uwo murongo, kuwumenyekanisha gushika kure.

Mu ntara ya Kayanza, Melchior Nyabenda, umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano n’imico kama avugako uwo murongo uje hageze.

Mu ntara ya Kirundo, mu gipolisi kijejwe gukinga impanuka n’ibiza, bemeza ko uyo murongo uje kuborohereza akazi.

Kugira uwo murongo uboneke, ishirahamwe ritabara imbabare, Croix-Rouge, ryakoranye n’amashirahamwe, World Vision, OIM, OCHA na Caritas. Bakoze igikorwa co kumvisha akamaro kawo, amashirahamwe yo gutumatumanak,o hakoreshejwe umuhora wa terefone,amaze kubitahura aremera urajaho.

Jean Bosco Ndarurinze, umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika:

XS
SM
MD
LG